Amahiganwa y imirwi yarushije iyindi mugice caburaya (champions league_CL) yaraye itanguye
September 16th, 2010Duhere kumirwi yubwongereza yo ariyo dukwirikira gose kuri uru rubuga. Umurwi wa Tottenham ari ubwambere uja muri iryo higanwa wahuye ejo n indagi za Bremmen. Nkuko bayamaze ng umuvuduko w isake ntuyibuza ku**** murugo,uko nio vyagendeye uwo murwi wa Tottenham. Igice cambere caheze uwo murwi ufise ibitego 2-0. Ariko igice cakabiri carabayobeye, umusore Marin uravye ububangutsi ,ubuhinga hamwe n imbaraga ,nogereranya nka Messi yarahutagije abakinyi b inyuma ba tottenham eka biraba akayobera bahinga. Uwo musore akaba yasubiriye Özil igihangange c indagi ubu akina mumurwi wa The Special One,Real Madrid. Urukino rwaheze iyo mirwi yompi inganya 2-2
Uwundi murwi w ubwongereza wakinye ejo yari Man United biyita ngo n ”amashetani atukura”. Uwo murwi ukaba umaze iminsi watakaje amakari umengo ni zanzoka zo munzu y iratiro i Bujumbura(Musee vivant),ej wahuyena Rangers. Kizigenza wuwo murwi w amashetani amaze iminsi ibinyamakuru vyamwararaje kubera ubushurushuzi bwiwe, biraboneka ko amakari afise muburiri atariyo yerekana mukibuga kuko n ubu kubona igoalo biguma bimugora kuva aho ihiganwa ry ubwongereza ritanguriye. Umumenyereza yari yashizemwo abakinyi bashasha 10 bose kugira arabe ko harico borusha bagenzi babo bari bamaze iminsi binanira gutahana intsinzi. Abakunzi b umupira waho twese twifatikanije umubabaro uwo murwi kuko watakaje ibaba ryabo Valencia umukinyi yarafitiye akamaro ntagere uwo murwi. Uko ariko kose uwo murwi itagize ico uhindura mumukenyuro wawo biraboneka ko utazogera kure haba muri CL canke PL.
Umurwi wacu w ibibunduki Arsenal wahuye n abanya portugal ba Braga, Arsenal ikaba igize umwaka wa 13 yikwirikiranya kugera muri Champions league. Umurwi wimiyabaga warerekanye urukino rubereye ijisho gose http://videos.sapo.pt/IsgbCdGqY5MLtzmPkZQj
Kuko washoboye gutsinda Braga ibitego 6-0,ibitego bibereye ijisho gose. Kizigenza Fabregas yatsinze ibitego 2 hama Mugenzi we Carlos Vela nawe atsinda bibiri,abandi bashoboye gutsinda ni umu russia Arshavin(beaugosse)hamwe nu mu nya Maroke Maroune Chamakh. Aha tukabamenyesha kuwo murwo wa Arsenal n uwu mwaka ugifise umwaku wuko abakinyi bawobaguma bakomereka,aha twovuga nka abakinyi, Van Persie,Bendtner,Walcott,Diaby,Ramsey,Vermaelen,Frimpong . Abo bakinyi nibahindukira hama ntihagire abandi bakomereka ntankeka k uwu murwi uzoshobora gushika kure. Inyuma y ururkino umu nya brazil Denilson yavuze yuko ukwizera kwa Wenger mu miyabaga bitanguye kwerekana akamaro. Reka rero twipfurize uwo murwi wacu amahirwe ubandanye wigenza neza nkuko watanguye.
Umurwi wa Chelsea nawo wigenjeje neza kuo watanguye ihiganwa amahirganwa yompi(CL,PL)neza kandi utsinda ibitego vynshi(1-4). Umusatirizi Anelka umwaka uheze benshi baneguye uwu mwaka yaje yazikenyeye kuko ejo yashoboye gutsinda ibitego 2 atawumukoreyemwo. Mu mpera ziyinga naho ukazohura na Blackpool umurwi waje uva mucicaro cakabiri ariko wifashe neza muri ikigihe kuko ari uwakane muri PL.
Cheers
Brice
